Uko wahagera

Abashika 16 Barishwe n'Ibirwanisho Vyahiye i Baghdab


Abantu barondera abataraboneka inyuma y'aho ububiko bw'ibirwanisho buhiriye i Sadr City, Baghdad, Iraki, Itariki 6/06/2018.

Abantu bashika 16 barimwo abagore n’abana barapfuye, abandi barakomereka mugihe ububiko bw’ibirwanisho bwasha muri distrikte ya Sadr ku murwa mukuru Baghdad wa Iraki ku musi wa gatatu, nkuko bishikirizwa n’abajejwe umutekano hamwe n’abaganga.

Hari ukudahuza kuri ayo makuru, bamwe bavuga ko ivyo birwanisho vyari bibitswe mu musigiti mugihe umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati avuga ko ari igitero c’iterabwoba.

Ababibonye bavuga ko amazu atari make y’abanyagihugu hamwe n’amagorofa yasambutse mur’ako gace vyasambukiyemwo. Amatohoza agamije kumenya ivyabaye yatanguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG