Abategetsi muri Guatemala bashikirije kuri uyu wa gatatu ko abantu bashika kuri 99 bishwe n’ibirunga vyateye, vyahamvye imihana itari mike. Abandi 200 gushika ubu ntibazwi irengero.
Mugihe Abatabara bariko barondera ko hari abo borokora, vyabaye ngombwa ko bahagarika ibikorwa vyabo kuri uyu wa gatatu, igihe ibindi birunga vyaciye bisanzara muri ako karere.
Abantu barenga ibihumbi 12 baramaze guhungishwa bakurwa mungo zabo, nkuko bishikirizwa n’ikigo kijejwe gukinga ibiza, abarenga ibihumbi 3 bari mu bigo bashizwemwo ivy’agateganyo
Bitegekanijwe ko umukuru w’umuryango utabara imbabare Croix Rouge, Francesco Rocca, agendera Guatemala kuri uyu wa kane kwirabira uko ibintu vyifashe, nkuko bishikirizwa n’uwo muryango ufise icicaro i Geneve mu Buswisi.
Facebook Forum