Uko wahagera

Odinga Yipfuza Guhuza Perezida Kiir na Machar muri Sudani y'Epfo


Umunyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga.

Raila Odinga yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu muri Kenya, yashikirije ko ashobora kugira ico ahinduye mu biganiro hagati ya Perezida wa Sudani y’epfo, Salva Kiir hamwe n’uwo batavuga rumwe Riek Machar.

Odinga avuga ko yipfuza gufasha mur'ivyo biganiro hagati ya Perezida Kiir na Machar kugira intambara imaze imyaka yababa ine n’igice muri Sudani y’epfo irangire.

Mu ndwi zibiri ziheze, Odinga yaragiye mw’ibanga i Juba kubonana na Perezida Kiir, haheze imisi mike impande zishamiranye zinaniwe gushika ku masezerano y'amahoro ku murwa mukuru Addis Abeba wa Etiyopiya.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru wa Sudani y’epfo, Michael Makuei yavuze ko muri urwo rugendo, Odinga yashikirije ko yipfuza ko Kiir na Machar bosubiza hamwe nkuko we na Perezida Uhuru Kenyatta wa Kenya babigenjeje inyuma y’igihe kitari gito bamaze badacana uwaka.

Ikimenyeshamakuru The EastAfrican catangaje ko Odinga yiteze gusubira muri Sudani y’epfo muri iyi ndwi kubonana na Machar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG