Uko wahagera

Amerika Yipfuza Ibiganiro n'Igihugu Kimwe Kimwe mu Budandaji


Abahanuzi mu vyerekeye ubutunzi muri Mexique, Canada n'Amerika
Abahanuzi mu vyerekeye ubutunzi muri Mexique, Canada n'Amerika

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, ariko ariyumvira kugerageza gushika ku masezerano atadukanye yerekeye ubudandaji n’ibihugu vya Canada na Mexique. Ivyo ah’ugusubiramwo amasezerano y’uruja n’uruza mu vy’ubudandaji amaze imyaka 20 n’ivyo bihugu bibanyi vya Amerika.

Ivyo vyatangajwe, uno musi ku wa kabiri, n’umuhanuzi mu vyerekeye ubutunzi mu biro vya prezida, Larry Kudlow.

Yabwiye televiziyo, “Fox News” ko ashira imbere kurushiriza ibiganiro n’ibihugu vya Canada na Mexique, igihugu kimwe kimwe ukwaco. Atangaza ko abona ibihugu bibiri bitandukanye.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique bimaze amezi atari make biri mu biganiro vyerekeye gusubiramwo amasezerano yerekeye uruja n’uruza mu vy’ubudandaji hagati yavyo azwi kw’izina rya, “NAFTA”. Ayo masezerano yashizwe mu bikorwa kuva mu mwaka w’i 1994.

Yamara umuhanuzi mu vyerekeye ubutunzi mu biro vya prezida, Larry Kudlow, avuga ko ata migambi Trump afise y’ukuva mu masezerano ya NAFTA. Yamara avuga ko Trump yemera ko amasezeranao n’igihugu kimwe kimwe ukwaco ariyo nzira kurushiriza. Avuga ko adakunda na gato amasezerano ari hagati y’impande nyinshi.

Prezida Trump yarifatiye mu gahanga amasezerano mpuzamakungu ahuza ibihugu bitari bike mu vyerekeye ubudandaji. Imisi mikeyi inyuma yuko ashitse ku butegetsi, mu mwaka uheze, yaravuye mu masezerano y’uruja n’uruza ata ntambamyi hagati y’ibihugu bigize akarere ka Pasifike, azwi kw’izina rya, “TPP”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG