Uko wahagera

Abiyahuzi 3 Bishe Abashika 6 muri Nijeri


Diffa, Niger

Umutegetsi mu gihugu ca Nijeri avuga ko abagore b’abiyahuzi 3 bari bafise amabombe bishe abantu batandatu, bakomeretsa abandi batari bake mu cikekwa ko ari igitero c’umurwi Boko Haram ku musigiti, mu gice co mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Elhadji Koura Boukar, umutegetsi wo muri ako karere avuga ko abagore bari bambaye imisipi irimwo amabombe bagerageje kwinjira mu musigiti mu karere ka Diffa kari mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nijeri, igihe ibisabisho vyo mu kiringo c’iramazani vyariko biba ku musi wa mbere ku muhingamo. Avuga ko abo bagore binjiye mu gihugu baturutse mu gihugu ca Nijeriya.

Baturikije amabombe bari bafise hanze y’umusigiti.

Elhadji Koura Boubakar, amenyesha ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera umuntu aravye abakomeretse bikomeye muri ico gitero.

Igihugu ca Nijeri caratanze abasirikare bari mu nteko mpuzamakungu zashiweho kugira zirwanye umurwi w’intagondwa z’Abayislamu, Boko Haram mu karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG