Itororokanirizo ry’amakuru rya Koreya y’epfo, Yonhap, ryatangaje ko abategetsi batatu bakomeye mu gisirikare ca Koreya ya ruguru basubirijwe n’abandi.
Ayo makuru avuga ko iryo hinduka mu nzego za gisirikare ryakozwe ryisunze icuka ciza gisa n’ikiriko kiragaragara hagati y’ico gihugu hamwe na Koreya y’epfo na Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Iryo hinduka ryoba kandi rigamije gushira abasirikare kumurongo mugihe ibiganiro vyo mu kwezi kwa gatandatu i Singapore hagati ya Perezida Kim Jong Un na Trump bishobora gushika ku gusambura ibirwanisho vya Nikleyeli vya Koreya ya ruguru.
Ariko ayandi makuru ava mw’iperereza avuga ko ivyo vyoba bikozwe kugira bahindure uburongozi bwa gisirikare bisunze urunganwe rushasha.
Facebook Forum