Uko wahagera

Trump Yemeza ko Afise Ububasha bwo Kwibabarira


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kuri uyu wa mbere yashikirije ko afise ububasha bwo kwibabarira yongera avuga ko amatohoza ariko akorwa na reta ku ruhara abamufashije mu myiyamamazo yo mu mwaka w’2016 hamwe n’Uburusiya boba baragize mu kuyovya amatora biteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.

Mugihe Trump akunze kwirengagiza amategeko yashizweho kandi agasa n’uwemeza ko afise ububasha bukomeye nka Perezida, ibi ashikirije bibonwa n’abahinga muvy’amategeko nk’umurongo utarengwa kw’ibwirizwa shingiro rya Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Susan Low Bloch, umwigisha muvy’amategeko muri Kaminuza ya Georgetown University yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ata mukuru w’igihugu arigera akora ivyo.

Yongeye avuga ko mugihe Perezida yokwibabarira, yoba ahaye uburenganzira Kongere y'Amerika bwo kumukura ku butegetsi.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG