Uko wahagera

Somaliya: Igitero c'Amerika Cahitanye Aba Al Shabab 27


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika i Mogadishu, Somaliya
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika i Mogadishu, Somaliya

Igitero c’indege ya Reta zunze ubumwe z’Amerika mu buraruko bwa Somaliya ku musi wa gatandatu cishe abarwanyi 27 ba al-Shabab. Ivyo vyashikirijwe n’igisirikare c’Amerika ku mugabane w’Afrika.

Mu butumwa bugufi bwa Twitter cashikirije kuri uyu wa mbere, ico gisirikare kivuga ko ico gitero cabereye hafi y’igisagara ca Bosaso, muri reta ya Puntland, kandi cakozwe bafatikanije na reta ya Somaliya.

Abategetsi b’igisirikare c’Amerika bavuze ko ata basivile bahasize ubuzima.

Bashikiriza ko Amerika izobandanya ikoresha ingingo zose zemewe kugira ikingire Abanyamerika kandi isambure abakora iterabwoba.

Ikindi gitero c’indege z'Amerika cahitanye abarwanyi 12 ba al-Shabab ku musi wa kane mu bumanuko bwa Mogadishu.

Igitero co ku musi wa gatandatu cabaye inyuma y’aho abarwanyi ba Al shabab bagabiye igitero ku kambi y’abasirikare ba reta muri reta ya Puntland, bavuga ko bishe abasirikare batanu, bakomeretsa indwi kandi baronona n’ibikoresho vy’igisirikare ca Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG