Uko wahagera

RDC: Ishamba Cimeza rya Virunga Ryugawe Umwaka


Ishamba cimeza rya Virunga mu buraruko bw'intara ya Kivu, RDC, Itariki 11/05/2018.
Ishamba cimeza rya Virunga mu buraruko bw'intara ya Kivu, RDC, Itariki 11/05/2018.

Abicanyi hamwe n’abanyuruza abantu batumye igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo cugara mu kiringo c’umwaka ishamba cimeza, parke ya Virunga.

Ishamba cimeza rya Virunga muri Kongo ribamwo inguge, inzovu hamwe n’ibindi bikoko.

Umuyobozi waryo, Emmanuel de Merode yatangaje kuri uyu wa mbere, ko akarere ka Virunga karangwamwo umutekano muke, bituma iryo shamba ryugarwa kubaja kuratira ijisho ibikoko biribamwo mu gihe kanaka kugira bagarukane umutekano.

Uwucungera iryo shamba umwe hamwe n’abakerarugendo babiri b’Abongereza hamwe n’abashoferi babo baranyurujwe muri iryo shamba mu kwezi guheze. Abo Bongereza hamwe n’umushoferi babo barekuwe inyuma y’imisi ibiri.

Ariko ibindi bitero vy’abitwaje ibirwanisho vyishe abacungera iryo shamba batanu, abasirikare ba reta babiri hamwe n’abasivile babiri kuva mu kwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG