Uko wahagera

Somaliya: PAM Iratabariza Abomowe n'Imyuzure y'Imvura


Abanyesomaliya bahunze imyuzure yateye hafi y'uruzi Shabelle, barindiriye imfashanyo hafi y'i Baledweyne, hagati muri Somaliya, Itariki 22/06/2016.
Abanyesomaliya bahunze imyuzure yateye hafi y'uruzi Shabelle, barindiriye imfashanyo hafi y'i Baledweyne, hagati muri Somaliya, Itariki 22/06/2016.

Igisata ca ONU kijejwe gutanga imfungurwa, PAM gisaba amakungu gufasha ibihumbi amajana vy’Abanyesomaliya basinzikajwe n’imvura nyinshi imaze igihe kitari gito igwa mu gihugu. Iyo mvura yatanguye mu kwezi guheze yateye imyuzure yononye ibitari bike mu bice vyo hagati no mu buraruko bwa Somaliya.

Ni mugihe ico gihugu cari kimaze imyaka ishika kuri cumi kibangamiwe n’uruzuba. Uruzuba rwo mu mwaka w’2011 rwishe abanyagihugu bashika ku bihumbi 260.

Haraheze igihe gishika ku kiringo c’ukwezi Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullah Mohamed asavye amakungu gufasha ibihumbi vy’abanyagihugu bateshejwe ingo zabo n’imvura.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG