Uko wahagera

ONU: Sudani y'Epfo Yahawe Ukwezi Hazobe Hemejwe Amasezerano y'Amahoro


Inama ya ONU Ijejwe amahoro n'Umutekano, i New York.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw'isi yahaye igihugu ca Sudani y’ubumanuko ukwezi kumwe kizobe cahagaritse intambara kandi hasinywe amasezerano y’amahoro, atar’uko kikazoca kibuzwa kugura ibirwanisho kandi n’abategetsi baco batandatu bagafatirwe n’ibindi bihano.

Iyo nama yakoranye kuri uyu wa kane yasavye umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres kugaruka muri ako kanama kw’itariki ya 30 z’ukwezi kwa gatandatu.

Intambara hagati y’amoko yatanguye muri Sudani y’epfo mu mwaka w'2013 hagati y’abasirikare bayoboka Perezida Salva Kiir hamwe n’abashigikiye uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, Riek Machar.

Ibihumbi vy’abanyagihugu barishwe abandi barenga umuriyoni barata ingo zabo.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG