Uko wahagera

USA Yadugije Amatagisi ku Vyuma Bishorerwa muri Amerika


Reta Zunze Ubumwe za Amerika zashizeho amatagisi ku rugero rw’ibice 25 kw’ijana kuri “acier” n’ibice 10 kw’ijana kuri “aluminium” bivuye mu bihugu vyo mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya, muri Canada na Mexique. Ayo matagisi azoja mu ngiro ku musi wa gatanu.

Iyo ngingo yatumye abanyabulaya bishura buno nyene mu gushiraho amatagisi ku bibandazwa bivuye muri Amerika, harimwo amapikipiki, “Harley Davidson” n’amapantalo yo mu bwoko bwa “Jeans” bita, “Levi” hamwe n’ikinyobwa ca “Whisky” bita, “Kentucky Bourbon” na “Tennessee Whisky”.

Amapikipiki ya Harley Davidson
Amapikipiki ya Harley Davidson

Umushikiranganji ajejwe ubudandaji muri Amerika, Wilbur Ross, avuga ko biteguriye kubandanya ibiganiro n’ibihugu vya Canada na Mexique ku ruhande rumwe, hamwe n’urwego nyobozi rw’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya ku rundi ruhande. Amenyesha ko ivyo biganiro bikenewe kubera hari ibindi bibazo bategetezwa gutorerwa inyishu.

Umutegetsi mukuru w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, Jean-Claude Juncker, yatangaje ko ari umusi ubabaje ku bijanye n’ubucuruzi mu makungu. Yatangaje ko ata kundi bari bugire atari ukwitura ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ubudandaji kw’isi, OMC, hamwe n’ugushiraho ayandi matagisi ku bibandazwa bitari bike bituruka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG