Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu Mike Pompeo atangaza ko inama yagiranye na Kim Yong Chol, umutegetsi akomeye muri reta ya perezida wa Koreya ya ruguru yagenze neza.
Abo bategetsi babiri bongeye kubonana kuri uno musi wa kane, aho babandanije amanana y’integuro y’inama yimirije kuba hagati ya Perezida Kim wa Koreya ya ruguru na Perezida Trump w'Amerika kw’itariki 12 z’ukwezi kwa gatandatu.
Kur’uno musi wa kane umushikiranganji Pompeo yashize kurubuga rwiwe rwa twitter isanamu yerekana ariko araramukanya na Kim Yong Chol. Yashize ahabona kandi iyindi sanamu yerekana Kim Yong Chol yicaye mu nyubakwa y’amagorofa iri hafi y’icicaro gikuru c’ishirahamwe mpuzamkungu ONU i New York.
Mu gitondo c’uno musi wa kane, Pompeo yongeye yandika kuri twitter yiwe yuko iyo nama yimirije kuba hagati ya Amerika na Koreya ya ruguru izoha Koreya ya ruguru akaryo ko gutera imbere mu rwego rw’umutekano n’ubutunzi.
Kim Yong Chol, niwe mutegetsi wa mbere akomeye muri reta ya koreya ya ruguru agize urugendo muri Amerika mu myaka cumi n’umunani iheze.
Ibindi biganiro hagati y’ivyo bihugu, biriko bibera mu karere ka Panmunjom ku mupaka wa Koreya y’epfo na Koreya ya ruguru, ibindi biriko bibera mu gihugu ca Singapore.
Facebook Forum