Uko wahagera

Kenya: Bariyamiriza Abarya Ibiturire


Abanyakenya baharurwa mu majana bitwaje ibicapo mu gihe biyamiriza abarya ibiturire hafi y'inyubakwa y'inama nshingamateka na Sentare nkuru mu gisagara ca Nairobi, Kenya, Itariki 31/05/2018.
Abanyakenya baharurwa mu majana bitwaje ibicapo mu gihe biyamiriza abarya ibiturire hafi y'inyubakwa y'inama nshingamateka na Sentare nkuru mu gisagara ca Nairobi, Kenya, Itariki 31/05/2018.

Abanyakenya bagize imyiyerekano, uno musi ku wa kane, ku murwa mukuru Nairobi. Ivyo n’inyuma yuko bimenyekanye kw’amafranga y’igihugu arenga imiliyoni ijana yasahuwe.

Iyo myiyerekano ibaye umusi umwe inyuma yuko abakozi ba Reta n’abakora imirimo y’ubudandaji 24 bagirijwe ruswa muri sentare y’igihugu.

Basemerera ko bashaka kw’amafranga yabo agaruka, abari mu myiyerekano bihereje amabarabara yo ku murwa mukuru, Nairobi, kwerekana ishavu ryabo kuri ruswa yabaye ndanse mu kigo kijejwe guha abakiri bato inyigisho ku bijanye n’akazi.

N’amarorerwa agira kabiri ku bijanye na ruswa mu kiringo c’imyaka ine muri ico kigo.

Muri izo ncuro uko ari zibiri abajejwe kugura ibikenewe mu migambi y’ico kigo bavurwa ko banyuruje imiliyoni n’imiliyoni y’amadolari bayashira mu makonte yabo mu mabanki.

Mildred Atieno Owiso, umwe mu bataguye iyo myiyerekano, yabwiye Ijwi rya Amerika ko bagize imyiyerekano kugira berekane ko batanezewe na gato.

Atangaza ko barambiwe na ruswa yarenze urugero irangwa mu gihugu ca Kenya.

Amenyesha ko abanyakenya bagize imyiyerekano imbere yaho. Yamara ko imyiyerekano bariko bagira muri iki gihe itazohagarara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG