Uko wahagera

Kim Yong Chol Yashitse i New York


Kim Yong Chol, hagati, intumwa ya Koreya ya Ruguru, ashitse kugira asangire na Mike Pompeo i New York, Itariki 30/05/2018.
Kim Yong Chol, hagati, intumwa ya Koreya ya Ruguru, ashitse kugira asangire na Mike Pompeo i New York, Itariki 30/05/2018.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo yasangiye kuri uyu wa gatatu ku mugoroba i New York na General Kim Young Chol wo muri Koreya ya Ruguru, intumwa ya Perezida Kim Jong Un, mugihe Amerika icitegurira inama hagati ya Trump na Kim mu kwezi kwa gatandatu itariki 12 i Singapore.

Kim Yong Chol niwe mutegetsi wa Koreya ya ruguru wo ku rwego rwo hejuru agendeye Reta zunze ubumwe z’Amerika mu myaka 18.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House bivuga ko abo bategetsi bagiranira ibiganiro kuri uyu musi wa kane wose.

Kim Yong Chol yigeze kuba ari umukuru w’urwego rujejwe gusuma urusaku rwa Koreya ya Ruguru. We na Pompeo baramaze kubonana kabiri i Pyongyang.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG