Uko wahagera

Unicef Iratabariza Abana muri Mali


Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryika ku bana, UNICEF riragabisha ko ibihumbi amajana vy’abana bafungura nabi muri Mali bashobora gupfa, mugihe umutekano muri ico gihugu utituka.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishikiriza ko ibitero vy’intagondwa n’abicanyi mu buraruko no hagati muri Mali bisongera isibe.

UNICEF ivuga ko abana barenga umuriyoni bashobora kwicwa n’inzara kubwo kubura ibifungurwa.

UNICEF ivuga ko intambara muri Mali ari yo ya mbere yibagiwe n’amakungu mugihe ibice 80 vy’imiliyoni 37 z’Amadolari zasabwe zo gufasha zitaraboneka.

Uburaruko bwa Mali burangwamwo umutekano muke kuva mu mwaka w’2012, igihe imirwi y’intagondwa z’Abayisilamu zifatiye ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG