Uko wahagera

Salva Kiir Asaba ONU Kudafatira Ibihano Abategetsi Biwe


Perezida wa Sudani y'Epfo, Salva Kiir

Mugihe kuri uyu wa kane inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ariho itora integuro y’itegeko rifatira ibihano abategetsi batandatu ba Sudani y’epfo baregwa kubangamira umugambi w’amahoro, Perezida Salva Kiir w'ico gihugu yarafashe urugendo i Addis Abeba, muri Etiyopiya, gusaba ko Etiyopiya gifasha mu gusaba Reta zunze ubumwe z’Amerika guhagarika ivyo bihano.

Umuvugizi wa Perezida, Ateny Wek Ateny yavuze ko Kiir ahava asaba umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed Ali gukoresha igihagararo ciwe nk’umukuru w’ishirahamwe ryishinze iterambere mu bihugu vyo mur'ako karere IGAD, guhagarika ivyo bihano.

Ishirahamwe IGAD niryo ryafashije mw’itunganywa ry’ibiganiro vy’amahoro hagati ya reta ya Sudani y'epfo hamwe n’imirwi iyirwanya.

Etiyopiya ni kimwe mu bihugu bitatu vya Afrika bidafise intebe ntahegeyezwa mu nama ya ONU ijejwe umutekano. Abagize iyo nama vyitezwe ko bemeza ivyo bihano i New York kuri uyu wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG