Uko wahagera

Guterres muri Mali Gushigikira Abasirikare ba ONU


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, atanga umudali ku musirikare wa ONU, mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abasirikare ba ONU babungabunga amahoro, i Bamako, itariki 29/05/2018

Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yashitse muri Mali ejo ku musi wa kabiri gushigikira abasirikare ba ONU bagiye kubungabunga amahoro mu guhangana n’intagondwa z’Abayisilamu zimaze kwica abatari bake muri bagenzi babo.

Guterres, yagiye ku kambi y’abasirikare ba MINUSMA mu birori vyo gihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abasirikare ba ONU babungabunga amahoro n’umutekano.

Guterres yarashimiye intwari z’abagabo n’abagore zapfiriye ku rugamba muri Mali.

Abasirikare 21 hamwe n’abasivile 7 barapfuye mu mwaka uheze, nkuko ONU yabitangaje mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG