Uko wahagera

Guinee: Abashikiranganji 13 Basubirijwe ku Mvo Itaramenyekana


Perezida Alpha Condé wa Guinee aramutsa abanyagihugu i Conakry, itariki 4/02/2018.
Perezida Alpha Condé wa Guinee aramutsa abanyagihugu i Conakry, itariki 4/02/2018.

Perezida wa Guinea, Alpha Conde ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana yaragenye abashikiranganji bashasha batari bake, harimwo uw’ikigega ca reta hamwe n’uw’umutekano, mugihe abanyagihugu bakiri mu myiyerekano yatanguye inyuma y’amatora yo mu kwezi kwa kabiri.

Conde yasubirije abashikiranganji 13 kuri 33 bagize reta. Ntiyatanze imvo yatumye akora iryo hinduka.

Umurwa mukuru Conakry hamwe n’ibindi bisagara vyaranzwemwo imigumuko yatanguye inyuma y’amatora yo mu kwezi kwa kabiri, abatavugarumwe n’ubutegetsi bavuga ko yabayemwo ubusuma. Abantu barenga cumi barishwe mu gutana mu mitwe kwabaye mu mezi ya kabiri na gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG