Uko wahagera

Imibonano Itegura Inama Hagati ya Trump na Kim Yatanguye


Abantu barorera Televiziyo yerekana amasanamu ya Perezida Donald Trump na Kim Jong Un

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika n’abo muri Koreya ya ruguru babonanye kuri uyu w’Imana ku rubibe rwa Koreya y’epfo na ruguru, mu biganiro bitegura inama ishobora kuzohuza Perezida Donald Trump na mugenzi we wa Koreya ya Ruguru, Kim Jung Un.

Inyuma yo gushikiriza ko ahevye iyo nama ku musi wa kane, Trump mu nyuma yavuze ko inama yo kw’itariki ya 12 y’ukwezi kwa gatandatu muri Singapore ishobora kuzoba nkuko vyari bitegekanijwe.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Philippines, yigeze kandi kuba aserukira Amerika muri Koreya y’Epfo, Sung Kim, niwe arongoye intumwa za Reta zunze ubumwe z’Amerika mu nteguro y’ivyo biganiro. Bivugwa ko iyo mibonano ishobora kuzorangira ku musi wa kabiri.

Icatumye Trump yisubirako inyuma y’umusi umwe avuze ko ahevye kuzobonana na Kim ntikiramenyekana.

Perezida Trump yari yatangaje ku musi wa kane ko ahevye ivyo biganiro vyari bitegekanijwe kw’itariki ya 12 y’ukwezi kwa gatandatu i Singapore, mu myuma ku musi wa gatanu wakurikiye, atangaza ko iyo nama izoba.

Muri Koreya ya ruguru, ikimenyeshamakuru ca reta catangaje ko umukuru w’ico gihugu yemeje ko iyo nama ibwirizwa kuzoba.

Ni mugihe Perezida wa Koreya y’Epfo, Moon Jae-in yabonanye ku musi wa gatandatu na mugenzi we wa Koreya ya Ruguru hafi y’urubibe ivyo bihugu bihana ahari ibirwanisho bikomeye.

Abo bakuru b’ibihugu baganiriye ku kuntu bobandanya bategura umubonano hagati ya Koreya ya ruguru na Reta zunze ubumwe z’Amerika, nk'uko vyashikirijwe n’ibiro vya Perezida wa Koreya y’Epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG