Uko wahagera

Sudani y'Epfo Isabwa Guhitamo Hagati y'Amasezerano n'Ibihano


Intumwa za Reta ya Sudani y'Epfo mu biganiro i Addis Abeba muri Etiyopiya
Intumwa za Reta ya Sudani y'Epfo mu biganiro i Addis Abeba muri Etiyopiya

Impande zishamiranye muri Sudani y’epfo ziragabishwa ko zishobora gufatirwa ibindi bihano n’amakungu kugira zigondozwe zemere gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro ahasanzwe no gushika kuyandi masezerano yo guhagarika intambara. Ni inyuma y’aho bananiriwe gushika ku masezerano mu biganiro ku murwa mukuru Addis Abeba muri Etiyopiya.

Ishirahamwe IGAD ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko, ryariko rirahuza muri ivyo biganiro, ryavuze ko ririko ririyumvira gufata ingingo zihana abatubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara.

Ryaba Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika canke Ishirahamwe IGAD, nta na rimwe muri yo riravuga ivyo bihano ivy’ari vyo. Intumwa za Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Ubwongereza mur'ivyo biganiro zavuze ko ibindi bihugu bikwiye gufatira ibihano abategetsi canke imirwi igaragara kubangamira umugambi w’amahoro.

Mu mwaka uheze, Reta zunze ubumwe z’Amerika zarafatiye ibihano vy’ubutunzi no kugira ingendo abategetsi babiri bakomeye muri reta ya Sudani y’epfo hamwe n’uwahoze ari umukuru w’abasirikare. Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya mu kwezi kwa kabiri bwarafatiye ibihano abo bagabo batatu nyene.

Mu kwezi kwa kabiri, Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano vy’ubutunzi amakompanyi y’ibitoro 15 yo muri Sudani y’Epfo yavugwa ko ariyo Reta ikuramwo amafaranga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG