Uko wahagera

Abantu 15 Bakomerekejwe n'Igisasu mu Nzu y'Uburiro muri Canada


Abaporisi bahagaze hanze y'inzu y'uburiro Bombay Bhel, aho abantu babiri baturikije bombe mw'ijoro ryo kuwa kane i Mississauga, Ontario, itariki 25/05/2018.

Igiporisi muri Canada kimenyesha ko abantu babiri binjiye mu nzu y’uburiro mu ntara ca Ontario baca baturitsa igisasu.

Abategetsi bavuga ko abantu batatu bakomeretse bikomeye inyuma y’ico gitero co mw’ijoro ryo ku musi wa kane muri ubwo buriro mu gace ka Mississauga, mu ntara ya Ontario.

Abategetsi bavuga ko abandi 12 bavuwe ibikomere bito bito. Abakekwa gukora ico gitero ntibarafatwa.

Gushika ubu nta n’umwe ariyitirira ico gitero.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG