Uko wahagera

Abanyacentrafrika Barabandanya Guhungira muri Kameruni


Impunzi z'abanyacentrafrika zivumbikiwe muri Kameruni
Impunzi z'abanyacentrafrika zivumbikiwe muri Kameruni

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barabandanya guhunga intambara muri Republika ya Centrafrika. ONU ivuga ko benshi muribo bakeneye imfashanyo y’abagira neza. Imfashanyo zasabwe na ONU mu kwezi kwa mbere kugira bitabweho zingangana n’imiliyoni 515, yamara ntiharaboneka n’ibice cumi kw’ijana vyayo.

Mu kigwati ca Garoua Boula kiri ku mupaka wa Kameruni, abanyacentrafrika amajana n’amajana bagiye hamwe mu rubanza rwo kwakira icese benewabo 30 bajabutse umupaka bava muri Centrafrika muri iyi misi iheze.

Mu bahunze, Pierre Magnou, umugabo w’imyaka 37 avuga ko we n’umuryango wiwe batewe n’abantu babarashe amasasu menshi cane bongera baturira amazu yo mu bigwati bimwe bimwe vy’umugwa mukuru wa Bangui. Haciye indwi zibiri.

Najad Rochdi umutunganyabikogwa vya ONU muri Centrafrika amenyesha ko ibitigiri vy’abantu bakeneye gufashwa vyihuta vyaduze cane muri uyu mwaka, kubera intambara yasubiriye kwaduka. Avuga ko abakeneye gufashwa bagera ku miliyoni 2.5.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG