Uko wahagera

Amerika Ntizoterera kw’Irungikwa ry’Inteko muri Sahel


Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, Antonio Guterres.
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, Antonio Guterres.

Intaramakuru y’abanyamerika AP itanganza ko Reta zunze ubumwe za Amerika itumvikana n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres ku kamo atera ibihugu bigize uwo muryango. Guterres asaba ko ibihugu biterera amafaranga akenewe kurungika inteko ibihumbi bitanu z’abanyafrika mu gikorwa c'ukugwanya intagondwa ziri mu karere ka Sahel mu burengero bwa Afrika.

Mu cegeranyo Guteres yashikirije inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, avuga ko intererano ku bikorwa vy’izo nteko zikwiye kwama zitangwa ku gihe kizwi, hako ziba infashanyo ibihugu bitanga bishatse. Guterres yongeye asaba ko ibihugu vyo muri Afurika y’uburengero vyokwihuta gutegura izo nteko zitegekanijwe kurungikwa muri ico gikorwa ca ONU muri Sahel.

Yamara umutunganyabikorwa vya politike wa Amerika, Amy Tacho, yabwiye ako kanama k’umutekano yuko Amerika itemera iyo ngingo ya ONU, iyitegeka gutanga uburyo muri ico gikorwa canke ikoreshwa ry’uburyo bwa ONU busanzwe butegekanijwe gukoreshwa mu bindi bikorwa.

Umugwi w’ibihugu bitanu harimwo Mali, Nijeri, Burkina Faso, Moritaniya na Cadi ni vyo bimaze igihe bihanzwe n’iterabwoba rigirwa n’imigwi y’intagondwa mu karere ka Sahel.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG