Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Abaganira Ntibumvikanye ku Masezerano y'Amahoro


Ibiganiro hagati y'abarwana muri Sudani y'Epfo i Addis Ababa.
Ibiganiro hagati y'abarwana muri Sudani y'Epfo i Addis Ababa.

Ibiganiro vy’amahoro hagati y’Abanyesudani y’Epfo kuri uyu wa gatatu vyahuye n’intambamyi, inyuma y’aho imihari itavugarumwe n’ubutegetsi ihakaniye integuro y’amasezerano y’amahoro, reta nayo yemera kuyishigikira ivy’agateganyo.

Izo mpande zakoraniye i Addis Abeba muri iyi ndwi bongera kugerageza ko bohagarika intambara hagati y’abonse rimwe, imaze gukura mu zabo abarenga imiriyoni zine, abagereranwa umuriyoni nabo bakeneye imfashanyo.

Imihari itavugarumwe na reta yidoga ivuga ko integuro y’amasezerano yatanzwe n’ishirahamwe IGAD ririko rirabahuza idatorera inyishu umuzi w’intambara muri Sudani y’Epfo, ko iha reta ibibanza birenze muri reta mfatakibanza izoshingwa.

Ku ruhande rwa reta, umushikiranganji wo kumenyeshamakuru wa Sudani y’Epfo Michael Makuei, avuga ko iyo nteguro y’ayo masezerano itavuga ku vyipfuzo vya reta bijanye n’uburongozi, intwaro hamwe n’umutekano.

Intambara muri ico gihugu yadutse mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka w’2013 hagati ya Perezida Salva Kiir hamwe n’abashigikiye icegera ciwe Riek Machar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG