Uko wahagera

Abashika 9 Bishwe mu Myiyerekano mu Buhindi


Abantu bashika kw’icenda barishwe mu bumanuko bw’Ubuhindi, inyuma y’aho igiporisi kirasiye abantu bari mu myiyerekano basaba iyugarwa ry’ihinguriro ry’ubutare bwa Cuivre.

Ubwo bwicanyi bubaye inyuma y’amezi atari make haba imyiyerekano isaba iyugarwa ry’iryo hinguriro Sterlite copper smelting ry’i Kompanyi y’Abongereza, abanyagihugu bavuga ko ribangamiye amazi yo mu biyaga hamwe n’amafi abamwo.

Umutegetsi w’igiporisi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ko abajejwe umutekano bagerageje gushwiragiza abantu 5000 bari bitwaje inkoni n’ivyuka bikoroza amasozi ariko biba impfagusa ku buryo vyabaye ngombwa ko bakoresha amasasu yica.

Iryo hinguriro ryatanguye kwiyamirizwa kuva mu mwaka w’2013, igihe ivyuka risohora vyateye indwara abanyagihugu batari bake. Ryarugawe n’abagenzura ihungabanwa ry’ibidukikije mu mpera z’ukwezi kwa gatatu, ariko rishobora kwongera kwugururwa mu kwezi kwa gatandatu kuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG