Uko wahagera

Inama Hagati ya Trump na Kim Ihabwa Amahirwe Make


Ikingorongoro kigaragaza inama hagati y'Amerika na Koreya ya ruguru, cakozwe i Washington, itariki 21/05/2018
Ikingorongoro kigaragaza inama hagati y'Amerika na Koreya ya ruguru, cakozwe i Washington, itariki 21/05/2018

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yatangaje ko inama itegekanijwe hagati yiwe na Perezida wa Koreya ya ruguru ishobora kutazoba mu kwezi kuza. Ni mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma yo kubonana na mugenzi we wa Koreya y’epfo mu rugendo yarimwo i Washington.

Yagize ati "Mugihe iyo nama itoba, kumbure izoba mu nyuma." "Ishobora kutazoba kw’itariki ya 12 z’ukwezi kwa gatandatu."

Trump yongeye ati, ariko hari amahirwe ko iyo nama izoba, yabivuze yisunze imibonano y’ibanze iriko iraba hagati ya reta yiwe n’abategetsi ba Koreya ya ruguru."

Trump yavuze kandi yo yibaza ko Perezida Kim azitabira ivyo biganiro.

Nawe Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Mike Pompeo, yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, ko Amerika ibandanya ikora yitegurira uwo mubonano wo kuwa 12 z’ukwezi kwa gatandatu, ariko ko atokwemeza nimba iyo nama izoba vy’ukuri.

Igihugu ca Koreya ya ruguru camenyesheje ko gishobora kutitaba uwo mubonano kubwo kutumvikana ku bisabwa na Reta zunze ubumwe z’Amerika vy’uko habanza guhagarikwa ibikorwa vya Nikleyeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG