Uko wahagera

Abimukira 217 Batabawe muri Mediterane


Spain Europe Migrants
Spain Europe Migrants

Abajejwe gutabara mw’ibahari muri Espanye batangaje ko bashoboye gutabara, ku musi umwe wo kuwa mbere, abimukira 217 barimwo abagore 24 hamwe n’umwana umwe, bariko bagerageza kujabukira muri Espanye bari mu bwato 10 bwari buvuye muri Afrika.

Kubw’ishirahamwe OIM ryishinze impunzi n’abimukira, abimukira bagerageza kujabukira muri Espanye bamuka cane cane mu bihugu vya Maroke, Aljeriya, Guinee, Kote d’Ivuware, Gambiya hamwe na Siriya.

OIM ivuga ko muri rusangi, abantu 635 bamaze gupfa canke babuzwe irengero mw’ibahari Mediterane kuva mu kwezi kwa mbere kw'uyu mwaka w'2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG