Uko wahagera

Zimbabwe Yasavye Gusubira Muri Commonwealth


Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa
Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa

Igihugu ca Zimbabwe casavye gusubira kwinjira mu muryango w’ibihugu vyahoze ahanini bikolonijwe n’Ubwongereza.

Ni intambwe ikomeye ico gihugu gifashe, inyuma y'uko Robert Mugabe akuwe ku butegetsi mu mwaka uheze.

Mugabe yavuye mu muryango wa Commonweatlh mu mwaka w’i 2003. Umuryango wa Commonwealth watangaje ko waronse ikete ry’ugusubira kwinjira muri uyo muryango ryanditswe na perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, kw’italiki 15 z’uku kwezi kwa gatanu.

Umunyamabanga mukuru w’umuryango Commonwealth, Patricia Scotland, yatangaje ko ibihugu vyose bigize uwo muryango vyiteguriye gusubira kwakira igihugu ca Zimbabwe.

Yatangaje ko umuryango Commonwelath uzorungika indorerezi mu matora bitegekanijwe ko azoba mu kwezi kw’indwi canke kw’umunani muri Zimbabwe.

N’amatora ya mbere azoba abaye kuva Mugabe akuwe mu butegetsi mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze, inyuma yuko abasirikare bafashe ubutegetsi.

Mnangagwa yemeye gutunganya amatora arangwa n’ubwigenge kandi atagira akanenge. Yemeye gusubira kuganura ubutunzi bw’igihugu bwasubiye inyuma mu gusibira kugiranirana imigenderanire myiza n’amakungu, n’ugutuma imitahe y’abanyamahanga iza mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG