Uko wahagera

USA: Abantu 10 Baragandaguriwe Kw'ishure Muri Texas


Mourners gather during a prayer vigil following a shooting at Santa Fe High School in Santa Fe, Texas, May 18, 2018.
Mourners gather during a prayer vigil following a shooting at Santa Fe High School in Santa Fe, Texas, May 18, 2018.

Kur' uyu wa mungu abavyeyi n’imiryango itari mike y’abagandaguwe mugitero cabaye kw’ishure riri muri reta ya Texas muri Amerika, bagandaye bongera bitaba misa yo gusabira abantu cumi bahitanywe naco haciye imisi ibiri.

Kur'uyu wa mungu buramatari wa reta ya Texas Greg Abbott yitavye misa yo kw’ishengero rya Arcadia First Baptiste Church mu gisagara ca Santa Fe kugira afate mumugongo ababuze ababo.

Ubwo bwicanyi buhitanye abantu 10 muri reta ya Texas w'ijoro ry'umusi wa gatanu, benshi muri bo bakaba ari abanyeshure. Ubwo bwicanyi bubaye inyuma y’amezi atatu habaye ubundi bwicanyi bwahitanye abantu 17 kw’ishure ryo mu gisagara ca Parkland muri reta ya Florida.

Kuri uyu wa mungu, Dan Patrick icegera ca buramatari wa Texas avuga k’ubwo bwicanyi bukoreshwa inkoho bufitaniye isano n’imikino y'ubwicanyi abana babona kuri televiziyo canke imikino bakinira kumbuga ngurukanabumenyi zirimwo ubwicanyi. Patrick abona kandi ko Amerika itagiha agaciro ubuzima bw’umuntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG