Uko wahagera

Venezuwela: Vyitezwe ko Maduro Atsindira Ikiringo ca Kabiri


Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro yerekana ikimenyetso c'intsinzi inyuma yo kubonana n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Esupanye, Jose Luis Rodriguez Zapatero i Caracas, Venezuela, Itariki 18/05/2018.
Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro yerekana ikimenyetso c'intsinzi inyuma yo kubonana n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Esupanye, Jose Luis Rodriguez Zapatero i Caracas, Venezuela, Itariki 18/05/2018.

Mu gitondo co ku musi wa mungu, igitigiri c’abantu bitabiriye amatora y’umukuru w’igihugu muri Venezuwela nticari kinini cane. Ayo matora yitezwemwo intsinzi ya perezida Nicolas Maduro ikiringo ca kabiri c’imyaka itandatu.

Ayo matora y’umukuru w’igihugu ntiyitabiriwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Iyo migambwe ivuga kw'ari ibirori vyo kwimika umutegetsi w’igitugu atemewe n’abatari bake mu makungu.

Abenyevenezuwela biyamiriza ayo matora hagati mu gihugu bashigikiwe n’abandi mu bihugu bitandukanye harimwo n'abanyagihugu muri Nikaragwa, Boliviya, n’abagize imyiyerekano imbere y’inama nshingamateka ya Amerika i Washington D.C kuri uyu wa mungu.

Perezida Maduro afise imyaka 55 akaba yarigeze gukora akazi ko gutwara imiduga yunguruza abantu, vyitezwe ko atsinda ayo matora naho intwaro yiwe yibonekezamwo ikena ry’impfungurwa n’iduga ry’ibiciro vy’igitoro. Ivyo bibaye mu gihugu Venezuwela cahora ari kimwe mu bihugu vya mbere kw’isi bigurisha ibitoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG