Uko wahagera

Abepiskopi 34 ba Chili Basavye Papa ko Batanga Imihoho


Papa Faransisiko hamwe n'Abepiskopi Katolika ba Chili inyuma y'umubonano i Vaticano, Itariki 17/05/2018.
Papa Faransisiko hamwe n'Abepiskopi Katolika ba Chili inyuma y'umubonano i Vaticano, Itariki 17/05/2018.

Inama y’abepiskopi Katolika muri Chili yatangaje kuri uyu wa gatanu ko abepiskopi 34 bagiye i Roma kubonana na Papa Faransisiko bamuhaye urwete basaba gutanga imihoho mu mabanga yabo. Ni mu gihe muri ico gihugu ca Chili havugwa ivyaha vyo gushurashuza abana bato vyoba vyarakozwe n’indongozi z’idini.

Abo bepiskopi bagize bati: "Twipfuje gusaba imbabazi ku mibabaro twateye ku bahohotewe, kuri Papa, ku bwoko bw’Imana no ku gihugu cose ku makosha twakoze." Ivyo babitangarije abamenyeshamakuru inyuma y’imibonano bamazemwo imisi itatu i Vatican na Papa.

Papa Faransisiko yari yatangaje ku musi wa kane ko hagiye kuba ibihinduka kugira ubutungane buhabwe ikibanza muri Ekleziya Katolika muri Chili, ivurwamwo ubushurashuzi ku bana bato.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG