Uko wahagera

Abanyaburayi na Irani mu Mibonano yo Gukingira Amasezerano ya Nikleyeli


Abashikiranganji b'imigenderanire b'Ubwongereza, Ubudagi, Ubufaransa, umukuru w'imigenderanire wa Buraya Federica Mogherini hamwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani, Mohammad Javad Zarif

Abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu b’Ubumwe bwa Buraya na Irani baremeranije i Buruseli gukorera hamwe mu kuronderera hamwe inyishu ku bibazo bashobora kuzohura navyo mu ndwi ziri imbere bagerageza gukiza amasezerano ya Nikleyeli na Irani, inyuma y’aho Reta ya Trump ifatiye ingingo yo kuva muri ayo masezerano.

Aho yari i Paris, umumenyeshamakuru Lisa Bryant w’Ijwi ry’Amerika yavuze ko umukuru ajejwe imigenderanire mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, Federica Mogherini yavuze ko abahinga b’ubumwe bwa Buraya n'aba Irani batanguye amanama agamije gukingira amashirahamwe y’Abanyabulaya akorera muri Irani.

Naho hari bamwe basaba ko hoba amasezerano mashasha, Mogherini yavuze ko hari amasezerano yamaze kwemezwa n’ibihugu bitandatu bitunze kw’isi mu mwaka w’2015.

Mogherini yavuze ko ubumwe bwa Buraya bwemeza ko ayo masezerano akwiye gutandukanywa n’utundi tubazo Igihugu ca Irani gisabwa gukura mu nzira.

Abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya barahura kuri uyu wa gatatu mu nama ibera mu gihugu ca Bulgariya kugira baganire kuri ayo masezerano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG