Uko wahagera

DRC: Abasirikare Babiri ba Monusco Barabuzwe Irengero


Abasirikare babiri bari mu nteko z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zijejwe gucungera umutekano muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, irengero ryabo ntirizwi. Ivyo bibaye imisi ine inyuma yuko imodoka barimwo zitewe n’abantu bitwaje ibirwanisho mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Ayo makuru yatangajwe n’umuvugizi wa MONUSCO, Florence Marchal. Amenyesha kw’imodoka inteko za MONUSCO zarimwo zatewe n’aba Mai-Mai ku musi wa gatanu. Avuga kw’abasirikare babiri baturuka mu gihugu ca Benin irengero ryabwo ritazwi.

Florence Marchal avuga ko inteko za MONUSCO ziriko zirabarondera.

Izo modoka zatewe zari zibiri zarimwo abasirikare 13. Umuntu aretse abo basirikare babiri irengero ryabo ritazwi, abandi cumi n’umwe ni bazima.

Mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze, abasirikare 15 b’abanyatanzaniya bari mu nteko za ONU muri Kongo zarishwe mu gitero cagizwe n’abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Uganda bari mu murwi ADF, ku kirindiro cabo. Ico gitero cabereye mu ntara ya Beni, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG