Uko wahagera

Abashika 52 Barishwe Amerika Yugurura Ambasade i Yerusalemu


Umuhanuzi mukuru mu biro vya Perezida, Ivanka Trump ari kumwe n'abandi bategetsi b'Amerika mu birori vyo kwugurura Ambasade nshasha y'Amerika i Yerusalemu, Itariki 14/05/2018.
Umuhanuzi mukuru mu biro vya Perezida, Ivanka Trump ari kumwe n'abandi bategetsi b'Amerika mu birori vyo kwugurura Ambasade nshasha y'Amerika i Yerusalemu, Itariki 14/05/2018.

Ugutana mu mitwe hagati y’Abanyepalestiniya n’igipolisi ca Isirayeli kwahitanye Abanyepalestina mirongo itanu na babiri, amajana n’amajana barakomereka. Aho hari mu myiyerekano Abanyepalestina bariko baragira yo kwiyamiriza ibirori vyariko bibera i Yeruzalemu ku mutaga wo kuri uyu wa mbere, aho Amerika yugurura icese ibiro vyayo vya ambasade nshasha muri Isirayeli.

Uyo musi wari ugizwe n’ibirori ku ruhande rwa Isirayeli na Amerika, yamara wabaye umusi w’ubwicanyi bwa mbere bukomeye ku ruhande rwa Palestina kuva habaye intambara hagati y’izo mpande zibiri, mu karere ka Gaza mu 2014.

Reta ya Palestina ikorera mu karere ka Cisjordaniya, iragiriza Isirayeli kuba yakoze ubwo bwicanyi butagira izina mu karere ka Gaza. Mugihe ubwo bwicanyi bwatera bwiyongera, perezida wa Amerika Donald Trump yariko arashikiriza ijambo rishimagiza Isirayeli. Yongeye yandika ku rubuga rwiwe rwa Twitter yuko yariko arakurikirana ibirori kuri televiziyo FOX News araba ukwo ibirori biriko biragenda umwanya ku mwanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG