Uko wahagera

USA: Melania Trump Yabazwe Ifyigo


Melania Trump, Umutambukanyi wa Perezida Donald Trump
Melania Trump, Umutambukanyi wa Perezida Donald Trump

Melania Trump, umutambukanyi wa Perezida Donald Trump, yarinjiye ibitaro kuri uyu wa mbere, arabagwa ifyigo, kandi agiye kumara indwi yose mu bitaro. Ivyo vyashikirijwe n’ibiro vya Perezida, White House.

Umuvugizi w’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yamenyesha ko ibikorwa vyo kumubaga vyagenze neza, nta ngorane zabaye.

Melania Trump, w’imyaka 48 y’amavuko, arwariye mu bitaro vya gisirikare vya Walter Reed, mu gisagara ca Bethesda muri Reta ya Maryland, mu micungararo ya Washington DC.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG