Uko wahagera

ONU Iranegura Ubwicanyi Bwahitanye Abantu 26 mu Burundi


Michel Kafando, Intumwa Idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi
Michel Kafando, Intumwa Idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi

Intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Michel Kafando, amenyesha ko ababajwe kandi anegura igitero cakorewe abanyagihugu bo ku mutumba Ruhagarika mu ntara ya Cibitoke, mu Burundi, cabaye kw’igenekerezo rya 11 z’ukwezi kwa gatanu 2018, cahitanye ubuzima bw’abantu bashika kuri 26, abandi batari bake barakomereka.

Mw’itangazo ryasohowe kw’itariki ya 12 z’ukwezi kwa gatanu, Iyo ntumwa idasanzwe, kw’izina rya ONU yarahojeje imiryango yabuze kandi yipfuriza gukira abakomeretse.

Iyo ntumwa idasanzwe imenyesha ko yababajwe n’ico gitero, cabaye mu bihe Uburundi buri mu bihe vya politike bigoye, hariko haba imyiyayamazo igamijwe kwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro.

Kafando avuga ko ONU yiyamirije ubwicanyi ubwo ari bwo bwose.

Kafando asaba imirwi yose y’Abarundi, gutorera inyishu ku bibatandukanya mu nzira y’amahoro kandi bakirinda gusotorana canke ico cose cotuma haseseka amaraso.

Iyo ntumwa ya ONU isaba abategetsi b’Uburundi kurondera umuco kuvyabaye kandi ababikoze bakarengutswa imbere y’ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG