Uko wahagera

Ivanka Trump n'Umugabo Wiwe Buguruje Ambasade Nshasha muri Isiraheli


Ivanka Trump Kushner İsrail'de
Ivanka Trump Kushner İsrail'de

Ivanka Trump umukobwa wa prezida wa Amerika Donald Trump kumwe n’umugabo wiwe Jared Kushner bashitse muri Israyeli mu bikogwa vyo kw’uguruza icese ibiro bishasha vy’ubuserukizi bwa reta z’unuze ubuwme za Amerika muri ico gihugu.

Ivyo biro bishasha vya ambasade ya Amerika muri Israyeli bitegekanijwe kwugurugwa icese kur' uyu wa mbere. Uwo musi nyene ukaba kandi ar'umusi wo kwibuka ukwikukira kwa Israyeli.

Ivyo biro bishasha, n'inyubakwa yari isanzwe ari iya Amerika iri mu gisagara ca Yeruzalemu. Amerika igiye kubandanya irondera ikibanza gishasha cagutse kizoba ambassade yayo nyayo aho Yeruzalemu ibihe vyose.

Iryo yimugwa rya ambasade ya Amrika ikugwa mu gisagara ca Tel Avive igashigwa I Yeruzalemu, n’isezerano Trump yari yaremereye abanyagihugu mu bihe vyo kwiyamamariza ikibaza c'umukuru w'igihugu. Yamara n’ingingo idahurizwako na bimwe mubihugu bitandukanye kw’isi.

Israyeli ivugako Yeruzalemu ariwo mugwamukuru nyawo wayo, ariko abanyepalestiniya bakabona ko ubuseruko bwa Yeruzalemu ariko karere kozoba umugwa mukuru wabo mugihe Palestiniya izokwemezwa nk’igihugu cigenga muri kazoza nkuko bavyipfuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG