Uko wahagera

Abongereza Babiri Baranyururijwe Muri RDC Barekuwe


Britain's Foreign Secretary Boris Johnson arrives for a cabinet meeting at 10 Downing Street in London, Tuesday, May 1, 2018.

Ingezi z’abongereza babiri bari baranyururijwe muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo barekuwe. Vyatangajwe n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire n’amahanga Boris Johnson kuri uyu wa mungu.

Muri ico gitero co kunyuruza izo ngezi z'abongereza cabaye ku musi wa gatanu umwe mubakozi b’ishamba cimeza yarishwe. cabaye mu kigwati ca Kibati. Ico kigwati kiri hafi y’ishamba cimeza rya Virunga mu buraruko bw’intara ya Goma.

Mw’itangazo umushikirangnji Johnson yasohoye, yavuze ko ahojeje umuryango wa Rachel Makissa Baraka yaguye muri ico gitero hamwe n’umuryango w’umudereva wabo yahakomerekeye.

Johnoson yavuze kandi ko ashimiye cane abategetsi ba reta ya Republica iharanira demokarasi ya Congo hamwe n’abategetsi b’ikigo ca Congo kijejwe gukingira ibidukikije kutwigoro twose bakoze kugira bafashe gutorera inyushu ibibazo.

Iryo shamba cimeza rya Virunga, n’iryo shamaba ritunze igice kimwe ca bine vy’inguge zose ziri kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG