Uko wahagera

Burundi: Frodebu Iridogera Iburabuzwa ry'Abanywanyi Bayo


Abanywanyi b'Umugambwe Frodebu wo mu Burundi
Abanywanyi b'Umugambwe Frodebu wo mu Burundi

Umugambwe Sahwanya Frodebu uranebagura iburabuzwa wakorewe n'abarongeye intwaro muri komine Rumonge mw'itunganywa ry'imyiyamamazo yatunganijwe ejo ku musi w'Imana.

Muri iyo myiyamamazo yatunganijwe, icegera c'uwurongoye Frodebu, Leonce Ngendakumana yasavye abanyarumonge kudatinya gutora oya. Imbere y’ikigo ndangakaranga ca zone Buruhukiro muri komine Rumonge ni ho inziraguhemuka za FRODEBU zatunganije imyiyamamazo ku matora yimirije y’ibwirizwa nshingiro.

Mu butumwa yazaniye abanyarumonge, Léonce Ngendakumana, yasavye abari aho kutemeza integuro y’ibwirizwa nshingiro rishasha kuko atari ubugombe bw’abanyagihugu.

Musitanteri wa komine Rumonge arahakana ibishikirizwa n’uwuserukira umugambwe FRODEBU mu ntara ya Rumonge. Musitanteri Céléstin Nitanga avuga ko uyo mugambwe utemerewe gukorera hagati mu gisagara ca Rumonge kubera wamenyesheje uteba, gutyo ikibanza bari bipfuje gukoreramwo kiba cafashwe n’abanywanyi ba CNDD-FDD bo muri zone Rumonge. Nayo kubona umugambwe FRODEBU utemerewe gukorera ahabona kw’isoko y’i Buruhukiro, musitanteri wa komine Rumonge yabwiye Ijwi ry’Amerika uwo mugambwe utashobora kuhakorera kuko iryo soko ricubakwa.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Chryssie Munezero yari mu Rumonge.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:48 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG