Uko wahagera

Igihugu ca Irani kerekeje amaso mu bihugu vo mu Burayi na Aziya kugira ngo kirabe ko cokiza amasezerano ku vya Nikleyeli. Ni inyuma y’aho Reta zunze ubumwe z’Amerika ivavanuye n’ayo masezerano. Ni inyuma kandi hari uruhagarara rw’uko hashobora kwaduka intambara muri ako karere kuva Isirayeli itereye ibisasu ku ngabo za Irani muri Siriya.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammed Javad Zarif azotangura ku musi wa gatandatu ingendo za kidipolomasiya zizomushikana i Pékin, Moscou n’i Buruseli, kuganira kuri ayo masezerano ya nikleyeli ashigikiwe n’ibindi bihugu arivyo Ubufaransa, Uburusiya, Ubushinwa, Ubwongereza hamwe n’Ubudagi.

Igihugu ca Irani gisa n’uko kigomba kwirinda intambara na Isirayeli, igihugu canezerejwe n’uko Reta zunze ubumwe z’Amerika kivavanuye n’ayo masezerano.

Irani gishigikiye Reta ya Siriya mu ntambara yo kurwanya abatavugarumwe na Reta hamwe n’umuhari w’iterabwoba wa Reta ya Kiyisilamu. Isirayeli ivuga ko itazoreka Irani ikoreshe ubutaka bwa Siriya kugira ngo iterwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG