Uko wahagera

Somaliya: Igitero Amerika Yagizemwo Uruhara Cahitanye Abasivile


Abavukanyi baterura ikigiza c'uwabo yishwe n'igitero c'abasirikare ba Somaliya Bafashijwe n'abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika mu ntara ya Lower Shabelle, itariki 25/08/2017.
Abavukanyi baterura ikigiza c'uwabo yishwe n'igitero c'abasirikare ba Somaliya Bafashijwe n'abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika mu ntara ya Lower Shabelle, itariki 25/08/2017.

Abasivile batanu barishwe mu bitero abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bagizemwo uruhara, mu bumanuko bwa Somaliya, nkuko vyashikirijwe kuri uyu wa kane n’abategetsi bo mu karere vyabereyemwo.

Ali Mohamed Moalin, umutegetsi w’aho vyabereye, yavuze ko kajugujugu zibiri za gisirikare z'amerika hamwe n’abasirikare karuhariwe ba Somaliya bagize uruhara mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira uwa kane hafi y’igisagara ca Afgoye, kiri ku birometero bishika 30 uva i Mogadishu.

Umutegetsi w’igipolisi muri ico gisagara, Ibrahim Abdi, yemeje ico gitero, avuga ko cari gitumbereye abarwanyi ba Al Shabab.

Abasirikare ba Somaliya bamenyereye bagaba ibitero nk'ivyo bafatanije n’abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika babamenyereza. Ibitero vy’indege na Misile vyarongerekanye mu mezi aheze kandi hari imyidogo ko bihitana abasivile.

Igisirikare c’Amerika ku mugabane w’Afrika kimenyesha ko kiriko kiratohoza kur'ivyo vyagiriji. Ivyo biziga bitanu vy’abasivile bishwe vyaciye bitwarwa mu bitaro vy’i Mogadishu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG