Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa gatanu catanguye gushira mu ngiro ibihano bijanye no kwiyunguruza muri Amerika ku ba dipolomate ba Pakistani, ivyo bishikirizwa na Ambasaderi wa Pakistani i washington, Aizaz Chaudhry.
Ambasaderi Chaudhry yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo ngingo atari nziza na gato, ko ivyo bihugu bibiri bikwiye kwicara hamwe kandi ko ingingo nk’izo ata n’umwe zungukira.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bushikiriza ko ataco bufise buvuga muri iki gihe kuri iyo ngingo, ariko ko bwari bwaramenyesheje ko bufise ububasha bwo gufata ibihano ku bijanye no kwiyunguruza hagati muri Amerika, kandi ko amategeko abiburekurira.
Mu kwezi guheze, ibimenyeshamakuru muri Pakistani vyatangaje ko Abadipolomate ba Pakistani bazobuzwa kugira ingendo zirenza ibirometero 40 hagati muri Amerika kuva kuri ambasade y’i Washington canke ku bindi biro biri mu bindi bisagara ata ruhusha.
Umushikiranganji wa Pakistani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yavuze nabo bakwiye gufata ingingo nk’iyo ku badipolomate b’Amerika muri Pakistani ku mvo z’umutekano.
Imigenderanire hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika na Pakistani yaratitutse mu mezi aheze, kuv'aho Reta zunze ubumwe z’Amerika zihagarikiye umuriyaridi urenga w’amadolari zahora zifashisha Pakistani muvy’umutekano buri mwaka.
Mu ntango z’uyu mwaka Perezida Donald Trump yavuze ko Amerika imaze guha Pakistani amamiriyaridi arenga 33 y’amadolari y’imfashanyo ariko ko ata na kimwe Amerika yungutse atari “kubeshwa”. Trump yagirije Pakistani guha indaro abakora iterabwoba, Reta zunze ubumwe z’Amerika iriko irarwanya mu gihugu kibanyi ca Afghanistani.
Facebook Forum