Ejo ku musi wa gatatu reta ya Sudani y’epfo yaraneguye yivuye inyuma Reta ya Amerika, inyuma y'aho ibiro vya Perezida Donald Trump bigabishije ko bigiye guhagarika imfashanyo yabo y’amafaranga agera ku miriyoni n’imiriyoni biyemeje gufashisha abanyagihugu b’ico gihugu muri iki gihe gisinzikajwe n’intambara.
Sudani y’Epfo ivuga ko Amerika ariyo nzitizi ihari muri iki gihe mu nzira y’amahoro muri ico gihugu.
Urwandiko rwasohowe n’ibiro vya Perezida Salva Kiir, vyagiriza Reta ya Trump yuko ukwima ico gihugu iyo mfashanyo nkuko vyari bitegekanije, ari uburyo bwo kwivanga muri politike y’ico gihugu no mu nzira yo gutorera inyishu ibibazo biri muri Sudani y’epfo. Ni mugihe ico gihugu cimirije ibiganiro vy’umwumvikano bigiye kubandanya kw’itariki 17 z’uku kwezi kwa gatanu muri Etiyopiya.
Ku ruhande rwa Amerika imenyesha ko imaze guha ico gihugu imfashanyo z’agaciro kangana n’imiriyaridi zitatu n’ibice bibiri kuva intambara itanguye mu mwaka w'i 2013.
Amerika nico gihugu gitanga imfashanyo nyinshi kurusha ibindi bihugu muri ico gihugu. Mw’itangazo yasohoye ku musi wa kabiri, yavuze ko igiye gusubira kwihweza neza ibijanye n’ingingo yayo yo kubandanya iha imfashanyo ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika mugihe intambara iriyo ibandanya kuba urutavanako.
Ukutaronsa iyo mfashanyo Sudani y’epfo, bishobora gutuma ubuzima bw’abantu barenga imiriyoni indwi basanzwe bahanzwe n’inzara ikomeye bugeramigwa.
Abakozi b’amashirahamwe ajejwe gutabara imbabare bavuga ko amapfa ashobora kuca agaruka muri ico gihugu.
Facebook Forum