Uko wahagera

Somaliya: Abashika 14 Bahitanwe na Bombe z'Umwiyahuzi


Ikarata y'Intara ya Lower Shabelle, muri Somalia
Ikarata y'Intara ya Lower Shabelle, muri Somalia

Abatagetsi ba Somaliya bavuga ko umwiyahuzi yiboheyeko bombe yishe abashika 14 akomeretsa abarenga 15 mw’isoko yo mu ntara ya Lower Shabelle, ku birometero bishika 90 mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Mogadishu.

Icegera ca buramatari w’iyo ntara ajejwe ibibazo vy’umutekano Abdifitah Hajji Abdulle yavuze ko uwo mwiyahuzi yateye kw’isoko ryitwa Khat mu gisagara ca Wanlaweyn mu ma sa kumi z’umuhingamo mu masaha yo muri ako karere, aho abantu baba ari benshi gusuma.

Yabwiye Ijwi ry’Amerika ko umwiyahuzi wa al-Shabab ariwe yagavye ico gitero.

Ico gisagara catewemwo iyo bombe, kirimwo ikambi ya gisirikare ya Baledogle kandi kirimwo abasirikare karuhariwe ba Somaliya hamwe n’Abanyamerika babamenyereza n’abahanuzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG