Uko wahagera

Ubuyapani Burondera kugira Uruhara mu Mibonano kuri Koreya ya Ruguru


Abakuru b'Ibihugu vy'Ubushinwa, Ubuyapani na Koreya y'epfo
Abakuru b'Ibihugu vy'Ubushinwa, Ubuyapani na Koreya y'epfo

Ibihugu vy’Ubushinwa, Ubuyapani na Koreya y’epfo birabonana vyabonanye kuri uyu wa gatatu i Tokyo kugira bavuge rumwe ku mibonano ya kidipolomasiya iriko irakorwa ku kibazo ca Koreya ya ruguru, Ubuyapani bwakumiriwemwo gushika ubu.

Ivyo biganiro hagati y’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, Perezida wa Koreya y’Epfo, Moon Jae-in hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa Li Keqiang bibaye ivya mbere haraheze imyaka ibiri.

Bibaye mu gihe Ubuyapani buriko bugerageza kwerekana ikibanza cabwo mu rukurikirane rw’imibonano ya kidipolomasiya, aho perezida wa Koreya ya ruguru yagize ingendo zibiri mu Bushinwa mu kiringo c’indwi zitandatu, aho ibihugu vya Koreya bibiri vyahuye mu kwezi kwa kane kandi mu gihe hari umubonano ukomeye urindiriwe hagati ya perezida Kim Jong Un na Perezida w’Amerika Donald Trump mu kwezi kuza.

Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Mike Pompeo aza yamaze gushika kuri uyu wa gatatu i Pyongyang gutegure ivyo biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG