Uko wahagera

Amerika Ishobora Guhagarika Imfashanyo kuri Sudani y'Epfo


Perezida wa Sudani y'epfo, Salva Kiir ashikiriza ijambo ku musi wo kwibuka imyaka itandatu igihugu cikukiye i Juba, itariki 9/07/2017.
Perezida wa Sudani y'epfo, Salva Kiir ashikiriza ijambo ku musi wo kwibuka imyaka itandatu igihugu cikukiye i Juba, itariki 9/07/2017.

Reta ya Trump igiye gusubira kwihweza imfashanyo zose ifashisha Sudani y’epfo, mu kuvuga ko ibabazwa n'uko ata ntambwe ico gihugu gitera yo gushika ku masezerano y’amahoro ahagarika ubwicanyi mu gihugu.

Ibiro White House vyavuze kuri uyu wa kabiri biti: "Abanyamerika barakundana. Twaragiye turafasha abanyagihugu ba Sudani y’epfo. "Reta ya Sudani y’epfo niyo ikwiye gufata iyambere mu gukingira abanyagihugu bayo."

Amerika ivuga ko abatgetsi ba Sudani y’epfo bamaze imyaka indwi birundanirizako ubutunzi, bica abanyagihugu babo, kandi baterekana ugushaka bafise kwo kurangiza intambara mu gihugu.

Ibiro White House bivuga ko abategetsi bakomeye bahunze igihugu kandi reta iha imyanya ikomeye muri Reta abantu bafatiwe ibihano n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Akarorero ngo ni Gabriel Jok Riak mu ndwi iheze yagenwe kurongora ibiro bikuru vya gisirikare.

Ntibiramenyekana igihe ibizova muri uyo mwihwezo wa Reta zunze ubumwe z’Amerika bizotangarizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG