Uko wahagera

AFGANISTANI: Igitero Ca Bombe Cahitanye Abantu 17


Afghanistan Helmand Attack
Afghanistan Helmand Attack

Igitero ca bombe ikomeye cagizwe mu musigiti wariko ukoregwamwo ibikogwa vy’amatora mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Afganistani. Ico gitero cahitanye abantu 17 bariko barasenga, gikomeretsa abandi 33.

Kibaye inyuma y'amasaha make umuntu atazwi yitwaje inkoho mu buraruko bw’intara ya Afgani anyuruje umugwi w’abantu bagizwe ahanini n’aba enjeniere b’abahindi.

Ico gitero cabereye k’umusigiti mu ntara ya Khost k’umupaka na Pakistani. Abdul Hanan umukuru w’igipolisi muri iyo ntara yavuganye n’ijwi rya amerika aremeza igitigiri c’abahitanywe n’ico gitero, yamara avuga ko gishobora kuduga.

Nta uwuriyitira ico gitero. Abagwanyi b’abatalibani bakorera muri ico gihugu barahakana bavuga ko ataribo bakigize.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG