Uko wahagera

Umugambwe Frodebu Wiyamamarije mu Gisagara ca Bujumbura


Leonce Ngendakumana, icegera c'uwuyoboye Frodebu,
Leonce Ngendakumana, icegera c'uwuyoboye Frodebu,

Umugambwe Sahwanya Frodebu wiyamamarije gutora oya Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye kuri uyu w’Imana muri zone Buterere Komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Abari mu rwego nyobozi g’uyo mugambwe bemeje ko hamwe iryo Bwirizwa Shingiro ryokwemeza inkingi za demokarasi zoba zisenyuwe. Leonce Ngendakumana, icegera c'umuyobozi w'umugambwe Frodebu akavuga ko ubukene buri mu gihugu c’Uburundi buzoca buhinduka ubworo.

Uyo mugmbwe utavuga rumwe n’ubutegetsi wemeje ko uriko urashimangira kwigisha gutora oya Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye.

mmu rwego nyobozi rw’umugambwe Frodebu bati ni ugutora oya kugira ntibahemukire abafashije Uburundi gushika ku masezerano y’i Arusha .

Uwaserukiye abakenyezi bari muri uyo mugambwe we abona ko ibintu bizokwunyuka mu gihe iryo bwirizwa ryokwemezwa.

Icegera c’uwurongoye Frodebu, Leonce Ngendakumana mu kwerekana igituma uyo mugambwe wahisemwo gutora oya, yashimikiye ku kamaro amasezerano y’i Arusha yazaniye igihugu c’uburundi.

Iyo ndongozi ikagira amakenga ko ibintu bishobora gusubira inyuma mu gihe iryo bwirizwa rihanyanyuwe ryokwemezwa ariko ritaje gutorera umuti ibibazo abarunndi barimwo. Afatira akarorero ku ngingo yo kwugara amaradiyo abiri mpuzamakungu.

Muri zone ya Buterere mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura Raymond Nzimana Ijwi Ry’Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:46 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG