Uko wahagera

Umukuru w'Igiporisi mu Ntara ya Kandahar Yarokotse mu Gitero c'Abiyahuzi


Jenerali Abdul Raziq, arongoye igipolisi mu ntara ya Kandahar

Abiyahuzi batatu bitwaje bombe muri Afuganistani barateye urugo rwa Jenerali Abdul Raziq, umukuru w’igiporisi c’i Kandahar, muri distrikte ya Boldak, nkuko abategetsi b’iyo ntara babibwiye Ijwi ry’Amerika.

Ico gitero cabaye mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu. Abategetsi bavuga ko abajejwe umutekano ba Afghanistani bishe abagizi ba nabi batatu bose imbere yuko bagaba ico gitero.

Abategetsi bavuga ko abaporisi babiri bapfiriye muri ico gitero.

Jenerali Raziq yari mur'ico gisagara igihe ico gitero caba. Yavuze ko umuryango wiwe utekanye.

Si ubwa mbere ahakwa mu gitero nk’iki. Yararokotse mu bindi bitero vy’abiyahuzi kuva atanguye amabanga yo kurongora igiporisi mu ntara yo mu bumanuko ya Kandahar.

Nta muhari n'umwe uriyitirira iki gitero.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG